Umugambi wa kazinduzi y'amazina y'uruhàro yérékeye ingoma y'uburundi : kava mu kinjana ca xv gushika mu ntango y'ikinjana ca xx (1400-1920)
Loading...
Date
2016
Journal Title
Journal ISSN
Volume Title
Publisher
UB, FLSH
Abstract
Iki gik6rwa citwa « Umugàmbi wa kazindüzi y'amazina y'uruharo yerékeye ingoma y'ubunlndi: kuva mu kinjana ca xv gushika mü ntângo y'ikinjana ca xx (±1400-1920)>> gisigüra amazina y'uruharo makurumakuru yerékeye ingoma y'Uburundi yatôrorokanijwe mu bitabu vyànditswe n'abatoh6ji bânditse ku kàhise
k'Ubunlndi bw'imbere y'abazungu (MWOROHA E. 1987, BAHENDUZI M. 1991, VANSINA J. 1972, NDORICIMPA L. et GUILLET C. 1984 n'abândi). Ibigabane nyamukurU ni ibi: Intângamarara, Kazindüzi y'amazina y'rnuhâro n'ubuhlnga bw6 kuyandika; Inzêgo z'igihugu n'amazina Y'Uruharo; Uruhâra rw'amazina y'uruharo mu kumenyesha akàhise; Kazindüzi nyezina y' amazina y'uruhâro y6 mu Burundi bw6 kü ngoma y'abàmi.
Muri kazindüzi nyezina, harimw6 imigwi itandukanye y'amazina y'uruhâro: Amazina y'abantu: .....
* ay'abàmi: Ntare Rushatsi, Mwêzi Gisabo, Mutâga Mbikije, Mwambutsa Bangiricênge
n'abàndi;
* ay'abaganwa: Ndîvyariye, Rwasha, Birori, Ntarugéra n'abàndi;
*
- Amazina y'amabânga arângûrwa n'abantu: Mukâ Karyenda, Inabataramuka, Mukâ Kiranga, Ntare y'î Nk6ma n'abàndi;
Amazina y'imihîngo n'întâra: Nk6ma, Bukêye, Ubutütsi, Banga, Kiründo, Ubuyogoma, Gishora, Higiro n'ahândi;
Amazina y'âmôko n'imiryango: Abahutu, Abatütsi, Abatwa, Abanyakarama, Abahânza, Abanyànge n'ayàndi;
- Amazina y'fbimazi n'ibiterekerwa: Karyenda (ingoma), Sêmasaka (Ingabé), Muhabüra (ingabé) n'ayàndi. Amazina Y'Uruharo rer6 ni isôko ntângére y6 kumenya akàhise k'Uburundi kuk6 ni y6 athenyêsha ahantu, ikintu cânké umüntu yagize uruhâra runini mu kwübaka igihugu. Nk'akarorero, umwàmi NTARE Rugàmba ni wé yahâye imbibe igihugu c'Ubunlndi, ni wé yarwânye kugira ngo igihugu kirônké intâra gifisé ubu. Amazina amwâmwé nay6 asigÜfa ink6moko y'ahântu: nk'întâra ya Ryansoro (i Gitéga) ngo bàyise ukw6 kubêra yatwârwa n'umwàmi yItwa Nsoro.
Description
Mémoire présenté et défendu publiquement en vue de l'obtention du grade de «Licenciée en Langues et Littératures Africaines ».